Uko wahagera

Katari: Inkino z’Igikombe c’Isi mu Mupira w’Amaguru Zatanguye


Abuguruye inkino

Inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zatanguye uno munsi ku wa Mungu muri Katari. Ikipe zuguruye imikino ni iza Katari na Ekwateri.

Mu bategetsi bitabiriye ibirori vyugurura izo nkino, harimwo umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, prezida w’u Rwanda Paul Kagame, uwa Alijeriya Abdelmadjid Tebboune, uwa Misiri Abdel Fattah el-Sissi, uwa Senegali Macky Sall, n’uwa Palestina Mahmoud Abbas.

Ni ubwa mbere inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zibereye mu gihugu kirwiriyemwo aba Isilamu. Umurwi w’intagonwa ziyitirira idini rya Isilamu, mw’itangazo wasohoye wanebaguye Katari yakiriye iyo mikino, uvuga ko “ Witabiriwe n’abarimwo abahuza ibitsina babisangiye, abarya ibiturire, n’abatemera Imana.”

Imikino yatanguye uno munsi ku wa Mungu izohera igenekerezo rya 18 z’ukwezi kuza kwa 12

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG