Uko wahagera

ONU Yongereje Ikiringo c'Abasirikare Bayo muri Santrafika


Zimwe mu nteko za ONU muri Sentrafika
Zimwe mu nteko za ONU muri Sentrafika

Inama mpuzamakungu ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yatoye ingingo yo kwongereza ikiringo c’inteko za ONU 17,500 mu gihugu ca Republika ya Santrafrika: Uburusiya, Ubushinwa na Gabon, vyahisemwo kudatora.

Integuro y’iyo ngingo yari yashikirijwe n’Ubufaransa. Ingingo yafashwe izotuma izo nteko zibandanya amabanga yazo azoshimikira ku gikorwa co gucungera umutekano w’abasivile. Iratera akamo kandi Prezida Faustin-Archange Touadera hamwe na reta yiwe kamusaba gushira imbere inzira y’amahoro arama no kugarukana umutekano biciye mu biganiro.

Igihugu ca Republika ya Santrafrika gitunze ubutare bwinshi, kiri mu ntureka ya politike n’ingwano kuva mu mwaka w’2013, igihe abarwanyi b’abaislamu bo mu murwi Seleca bafata ubutegetsi ku nguvu, bagakura Prezida Francois Bozize. Mu
nyuma abarwanyi b’abakristu baciye batangura ingwano yo kugerageza kwikurako abaislamu.

Inyuma y’aho sentare ijejwe ibwirizwa shingiro yimiye Bozize uburenganzira bwo kwitoza mu mwaka w’2020, Prezida Touadera yahavuye atsinda amatora yo kurongora igihugu mu kiringo kigira kabiri, ariko gushika ubu aracahangana n’urunani rw’abarwanya ubutegegtsi, bashigikiye Bozize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG