Uko wahagera

Centrafrika: Abasirikare 3 ba ONU Bishwe n'Igisasu Catezwe mw'Ibarabara


Umusirikare yamuka muri Bangladesh wo mu nteko za ONU muri Centrafrika
Umusirikare yamuka muri Bangladesh wo mu nteko za ONU muri Centrafrika

Abasirikare batatu bo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri Centrafrika barishwe eko ku musi wa kabiri, uwundi agira kane arakomereka cane. Ibi vyabaye igihe imodokari barimwo yaturitswa n’igisasu catezwe mw’ibarabara.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yavuze ko abo basirikare bamuka muri Bangladesh bapfuye inyuma yo gukomereka cane, yongerako ko uwutapfuye yatwawe kuvurirwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Bouar.

Yavuze ko iryo sanganya ryabaye igihe bari mu bikorwa vya gisirikare vyo gukizura i Koui-Bohong, ku birometero bitanu uva kw’ikambi yabo y’i Ouham-Pende.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yahojeje imiryango yabuze hamwe na reta ya Bangladesh.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG