Uko wahagera

ONU Yongeye Umwaka Ibihano Bibuza Centrafrika Kuronka Ibirwanisho


Abarobeli ba Seleka mu gisagara ca Bria, muri Centrafrika
Abarobeli ba Seleka mu gisagara ca Bria, muri Centrafrika

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi kongereje kuri uyu wa kane ibihano vyo kutaronka no kugura ibirwanisho kuri Republika ya Centrafrika mu kindi kiringo c’amezi 12. Abagize ako kanama bavuga ko ico gihugu kikiri mu bihe vy’intambara.

Ukwongereza ico kiringo bigamije kubuza imihari yitwaje ibirwanisho kuronka inkoho, nkuko vyari bimeze mu mwaka uheze.

Ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU, Nicolas de Riviere, yavuze ko Centrafrika ikirangwamwo umutekano muke hamwe n’ihungabanywa ry’agateka ka muntu hamwe n’amategeko mpuzamakungu agenga ikiremwa muntu.

Abigisha b’Abarusiya muvya gisirikare bariko barafasha igisirikare ca reta kuva mu mwaka wa 2018. Uburusiya bwararekuriwe na ONU, butanga ibirwanisho bito bito kugira bufashe gukomeza igisirikare ca Centrafrika.

Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, igisirikare ca Centrafrika gifashijwe n’inteko 12 000 za ONU za MINUSCA, abasirikare b’u Rwanda hamwe n’Abarusiya, barashoboye kwigarurira uburere bwari mu minwe y’abarobeli. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG