Uko wahagera

Mahamat Yahoze Atwara Seleka Arahakana Ivyaha vy'Intambara Yagirizwa


Mahamat Said Abdel Kani, yari ayoboye abarwanyi bitwa Seleka yahakanye uno musi ku wa mbere ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vy'agahomerabunwa yagirizwa mu rubanza rwiwe rwatanguye uno musi muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye.

Mahamat Said Abdel Kani yabwiye abacamanza ba CPI ko ahakanye ivyaha vyose yagirizwa. Abashikirizamanza batangaje ko Said yagenzura ibohero ku murwa mukuru wa Republika ya Centrafrika aho abanyororo bakubitwa bakanaborezwa igufa.

Abarwanyi b’umurwi Seleka bagizwe ahanini n’abayislamu bafashe ubutegetsi muri Centrafrika hagati y’umwaka w’i 2013 n’umwaka w’i 2014 inyuma y’uko batembagaje prezida yari ahari ico gihe, Francois Bozize.

Umushikirizamanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, Karim Khan, yabwiye abacamanza b’iyo sentare igihe urubanza rwa Said rwatangura ko umurwi w’abarwanyi Seleka watwaye Centrafrika ukoresheje ubwoba n’iterabwoba.

Khan yatangaje ko Said yatwara ikibanza abantu bapfungirwamwo aho yari afise ububasha bukomeye cane. Khan yavuze ko Said yari ayoboye ibohero ryari ikibanza c’ukuborezamwo igufa abari bahapfungiwe.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye bagirije abayobozi b’umurwi Seleka n’ab’abarwanyi b’abakristu bazwi kw’izina rya anti-Balaka bari bahanganye.

Mahamat Said Abdel Kani niwe munywanyi wa mbere w’umurwi Balaka arengutse mu rubanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG