Uko wahagera

Ikiringo c'Ibiganiro vya Etiyopiya na Tigreya Congerejwe


Bamwe mu bahagarariye ibiganiro vya Etiyopiya na Eritreya
Bamwe mu bahagarariye ibiganiro vya Etiyopiya na Eritreya

Ikiringo c'ibiganiro bishasha vy'amahoro hagati ya Reta ya Etiyopiya n'abaserukira intara ya Tigreya iri mu buraruko bw'igihugu congerejwe. Ni mu gihe abasirikare bakuru b'izo mpande zompi bariko bakora ku vyerekeye kwaka ibirwanisho inteko zo muri Tigreya inyuma y'intambara yamaze imyaka ibiri.

Umutegetsi akwirikirana ibiganiro hagati y’izo mpande zompi, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana kubera atari arekuriwe kuvuga ku mugaragaro, yemeje uno musi ku wa kane ivyo kongereza ikiringo c’ibiganiro hagati yazo. Ibiganiro hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserukira intara ya Tigreya, vyatanguye ku musi wa mbere muri Kenya, vyari bitegekanijwe kurangira ejo ku musi wa gatatu.

Ibiganiro hagati y’izo mpande zibiri, bihagarikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bikwirikiye iterwa ry’igikumu ku masezerano y’uguhagarika intambara burundu ryabaye mu ndwi iheze hagati y’izo mpande. Ingwano hagati ya Reta ya Etiyopiya n’inteko zo muri Tigreya yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi.

Ayo masezerano asaba ko inteko zo mu ntara ya Tigreya zakwa ibirwanisho mu ndwi ziri imbere. Yamara hari impungenge ko abandi barwanyi batari mu masezerano yateweko igikumu mu ndwi irangiye bazova mu ntara ya Tigreya. Barimwo inteko zo mu gihugu ca Eritreya no mu ntara ya Amhara.

Ibindi bibazo vyaganiwe muri iyi ncuro ya nyuma y’ibiganiro birimwo gusubizaho servisi za nkenerwa mu ntara ya Tigreya nka interneti, guhanahana amakuru, no gukoresha amabanki muri iyo ntara irimwo abantu barenga imiliyoni 5, hamwe n’ugusubira guha imfashanyo abanyagihugu baba muri iyo ntara. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG