Uko wahagera

Abashamiranye muri Etiyopiya Bumvikanye Guhagarika Intambara


Olusegun Obasanjo, intumwa idasanzwe y'ubumwe bwa Afrika ari kumwe n'itumwa za reta ya Etiyopiya n'abarobeli ba TPLF muri Afrika y'epfo
Olusegun Obasanjo, intumwa idasanzwe y'ubumwe bwa Afrika ari kumwe n'itumwa za reta ya Etiyopiya n'abarobeli ba TPLF muri Afrika y'epfo

Impande zitana mu mitwe mu ntambara iriko ibera mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bw’igihugu ca Etiyopiya zumvikanye uno musi ku wa gatatu ku masezerano agenewe guhagarika ingwano. Zari zimaze imisi mu biganiro ku murwa mukuru wa politike wa Afrika y’epfo, Pretoria.

Ni intambwe ikomeye cane mu myaka ibiri ingwano imaze ibera muri iyo ntara yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, ikura mu zabo imiliyoni n’imiliyoni, abandi ibihumbi amajana n’amajana bakaba bageramiwe n’inzara.

Olusegun Obasanjo, yahoze ari prezida wa Nijeriya, ni we yayoboye abahuza b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, mu biganiro hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abaserukira umuhari TPLF wo mu ntara ya Tigreya mu buraruko bw’igihugu. Amenyesha ko gushira mu ngiro amasezerano yashitsweko n’izo mpande bizokwirikiranwa n’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’umuryango w’ububmwe bwa Afrika.

Yahayagije iyo ntambwe yashitsweko mu kuvuga ko ari inyishu y’abanyafrika ku bibazo vya Afrika.

Redwan Hussein, aserukira Reta ya Etiyopiya, akaba ari n’umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, ku bibazo bijanye n’umutekano, yatangaje ko impande zose zotegerezwa kwubahiriza neza amasezerano yashitsweko uno musi ku wa gatatu.

Mu kwishura, Getachew Reda, umuvugizi w’abategetsi bo mu ntara ya Tigreya, yavuze ku bwicanyi bukabije bwabereye muri iyo ntara n’ivyasambuwe n’ingwano. Yamenyeshe ko yizeye ko impande zompi zizokwubahiriza ivyo ziyemejeko mu masezerao y’uno musi ku wa gatatu.

Ibiganiro vy’amahoro hagati y’impande zitana mu mitwe vyatanguye icese ku murwa mukuru wa politike wa Afrika y’epfo, Pretoria kw’italiki 25 y’ukwezi kw’icumi kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG