Uko wahagera

Ibiganiro vy'Amahoro Hagati y'Abanyetiyopiya Vyatanguye muri Afrika y'Epfo


Abahuza b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika bayobowe na Olusegun Obasanjo yahoze ari prezida wa Nijeriya
Abahuza b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika bayobowe na Olusegun Obasanjo yahoze ari prezida wa Nijeriya

Ibiganiro vya mbere vy'amahoro bigenewe guhagarika ingwano imaze imyaka ibiri hagati y'igisirikare ca Reta ya Etiyopiya n'inteko zo mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bw'igihugu vyatanguye muri Afrika y'epfo. Bizorangira ku musi w'Imana.

Ico ivyo biganiro bigenewe gushikako n’uguhagarika intambara yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, imiliyoni n’imiliyoni barava mu vyabo mu gihe abandi ibihumbi amajana n’amajana bageramiwe n’inzara. Ivyo biriko birahungabanya akarere kose ko mw’ihembe rya Afrika.

Ivyo biganiro, bishigikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bitanguye mu gihe Reta aya Etiyopiya yagize intambwe zikomeye ku rugamba, mu gufata ibisagara bikomeye bitari bike mu ntara ya Tigreya mu ndwi irangiye.

Ibitero vya reta ya Etiyopiya ifatanije n’inteko bicuditse zo mu gihugu kibanyi ca Eritreya vyaratumye haba ubwoba ko bishobora kugeramira kurushiriza abasivile. Bikaba vyatumye abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika, bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika n’ab’umugabane w’Uburaya, mbere na Papa Fransisiko basaba ko ingwano ihagarara ibiganiro vyihutirwa bikaba.

Umuvugizi wa prezida wa Afrika y’epfo, Vincent Magwenya, yatangaje ko igihugu ciwe cizeye ko ibiganiro vy’amahoro hagati ya Reta ya Etiyopiya n’inteko zo mu ntara ya Tigreya bizoba ingirakamaro mu bizotuma haba amahoro arama ku banyagihugu bose bo muri Etiyopiya.

Abahuza b’umuryango w’ubumwe bwa Afrika bayobowe na Olusegun Obasanjo yahoze ari prezida wa Nijeriya abifashijwemwo na Uhuru Kenyatta yahoze ari prezida wa Kenya na Phumzile Mlambo Ngcuka yahoze ari icegera ca prezida muri Afrika y’epfo.

Abaserukiye intara ya Tigreya mu biganiro batangaje ko ico bashimikiyeko mu biganiro muri Afrika y’epfo ari uko ingwano ihagarara mu maguru masha, imfashanyo zigashsikira abanyagihugu muri iyo ntara ata nzitizi nimwe ihari, inteko za Eritreya zikava mu ntara yabo.

Reta ya Etiyopiya ku ruhande rwayo ibona ivyo biganiro nk’akaryo k’ugutorera inyishu intambara iyishamiranije n’inteko zo muri Tigreya n’ugukomeza intamnbwe imaze kugira muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG