Uko wahagera

Inteko za Monusco muri Kongo Zavuye mu Kambi y'i Rumangabo


Inteko za Monusco muri RDC, zavuze kuri uyu wa kabiri ko abasirikare bayo babaye barava mu kambi ya Rumangabo mu buseruko bwa Kongo.
Inteko za Monusco muri RDC, zavuze kuri uyu wa kabiri ko abasirikare bayo babaye barava mu kambi ya Rumangabo mu buseruko bwa Kongo.

Umurwi wa ONU uri kubungabunga amahoro muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo, kuri uyu wa kabiri wavuze ko wavuye mw’ikambi yawo ya Rumangabo mu buseruko bw’igihugu. Umurwi Monusco wavuze ko wabaye urahagarika kurwana n’umuhari w’abarobeli wa M23.

Inteko za ONU zariko zirafashanya n’iza Kongo mu kurwanya umuhari M23, watanguye ibitero mu kwezi kw’icumi kandi umaze no gufata tumwe mu duce muri ako karere.

Mu butumwa yacishije ku rubuga Twitter, Monusco ivuga ko iriko irabonana n’abo bafatanije muri urwo rugamba, kugira bategurire hamwe neza izindi ntambuko bagiye kuzofatira hamwe. Ariko ntiyasiguye ido n’ido kuri iri tangazo.

Mu kwezi kwa munani, abahinga ba ONU bavuze ko baronse ivyemeza ntaharirwako ko u Rwanda rufise abasirikare mu buseruko bwa Kongo. Ariko reta y’u Rwanda ntiyemeye ivyo ONU ivuga ko yatohoje.

ONU ivuga ko abanyagihugu barenga 90,000 bahunze ingo zabo kuva aho izo ntambara zongeye kwadukira mu kwezi kw’icumi itariki ya 20.

Uru ruhagarara rw’intambara rwatumye abakuru b’igihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko bagiranira ikiganiro kuri terefone kuri uyu wa kabiri. Prezidanse y’Uburundi yavuze ko baciye bumvikana ko abategetsi babo ba gisirikare bahura kugira baganire kuri uyo mutekano muke.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG