Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Yavuganye na Bagenzi Biwe ba EAC Ikibazo ca Kongo


Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi na Felix Tshisekedi Wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo
Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi na Felix Tshisekedi Wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo

Abakuru b'ibisirikare vy'ibihugu biri mu muryango w'Afurika y'ubuseruko, EAC, vuba bagiye guhurira mu nama kugira bige ku kibazo c'umutekano muke muri Kongo.

Ibiro vya prezida w'Uburundi bitangaje ivy'ino nama itumweko vyihutirwa, bibicishije mw'itangazo bisohoye ku mugoroba w'uno wa kabiri.

Iryo tangazo risigura ko prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye, asanzwe ari we atwara umuryango wa EAC, yakoranye ibiganiro kuri terefone na bagenzi biwe batwara ibihugu bigize uwo muryango, mu ntumbero yo kuraba ingene ikibazo c'umutekano muke muri Kongo cotorerwa inyishu.

Inyuma y'iyo nama y'abatwara ibisirikare vy'akarere ka Afurika y'ubuseruko igiye kuba mu maguru masha, Prezida Ndayishimiye na bagenzi biwe bapfunditse ko nabo bazoheza bagaca bahura mu nama idasanzwe yiga ku kibazo ca Kongo. Nta musi nyawo watanzwe izo nama zizokorwaho.

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya abategetsi ba EAC Prezida Ndayishimiye yahamagaye kuri terefone, gutyo rihamagara Alain Diomede Ndayishimiye amuvugira akaba ari nawe yateye umukono kw'itangazo rivuga ivy'izo nama, ariko yanka kugira na kimwe adutangarije: Yagize ati:" musome ibirimwo birikwiye".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG