Uko wahagera

Uburusiya Bwavuye mu Masezerano ku Mato Atwara Ingano Ziva muri Ukraine


Amato atwara ibintu mu kiyaga cirabura
Amato atwara ibintu mu kiyaga cirabura

Ishirahamwe rya Buraya ryasavye Uburusiya kwisubirako ku ngingo bwafashe yo kuva mu masezerano yemeje ko amato atwara ingano asubira kuva ku bivuko vya Ukraine biri ku nkengera z’ibahari ry’irabura.

Uburusiya bwatangaje ku musi wa gatandatu ko iyo ngingo bwayifashe kubera Ukraine yagavye igitero ku mato y’Uburusiya yari muri iryo bahari, ku ruhande rw’intara ya Crimeya bwigaruriye. Ariko Ukraine yarahakanye ivyo vyagiriji.

Umukuru wa komisiyo y’ubumwe bwa Buraya, Josep Borrell, yavuze avuga ko iyo ngingo y’Uburusiya igiye guhungabanya uwo umuhora rudende wo mu mazi ucamwo intete hamwe n’ifumbire. Yavuze ko ivyo bifungurwa n’ifumbire vyari bitumbereye gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’ibifungurwa buhanze isi. Ubumwe bwa Buraya busaba Uburusiya kwisubirako kuri iyo ngingo.

Ishirahamwe ry’abagiraneza, International Rescue Committee, IRC, ryagabishije ku ngaruka zizoterwa n’iyo ngingo y’Uburusiya yo kuvavanura n’ayo masezerano yafashijwemwo na ONU. IRC rivuga ko abantu bagereranywa n’imiriyoni 345 bagiye guhura n’ubukene bw’ibifungurwa uyu mwaka.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yahisemwo kuba arabangiriye kuja muri Aljeriya mu nama y’ibihugu vy’abarabu, kugira avugane n’abegwa n’ayo masezerano.

Gushika ubu, amato 218 ntashobora kuva ku bivuko vya Ukraine kuko Uburusiya buvuga ko ashobora kwongera guterwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG