Uko wahagera

Abategetsi bo kw'Isi Bavuga ko Bahangayikishijwe n'Ikena ry'Ibifungurwa


Abakuru b’ibihugu kw’isi kuri uyu wa kabiri basavye ko hagira igikozwe vuba kugira ikibazo c’ikena ry’ibifungurwa kw’isi gitorerwe umuti. Bafise ubwoba ko hashobora kutaboneka umwimbu ukwiye mu mwaka uza kubw’intambara muri Ukraine.

Haruhande y’inama rusangi ngarukamwaka ya ONU, abashikiranganji b’ibihugu vya Buraya, Reta zunze ubumwe za Amerika, ubumwe bwa Afrika na Esupanye babonanye baganira ku bukene bw’ibifungurwa kw’isi.

Umurwi w’ibihugu indwi bitunze kw’isi, mu nama yabihuje mu kwezi kwa gatandatu mu Budagi, bemeye gutanga imiriyaridi zitanu z’amadolari yo kurwanya ubukene bw’ibifungurwa. Ariko shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz yavuze ko hakiri ivyihutirwa gukora.

Shanseliye Scholz atunga urutoke Uburusiya kuba ari bwo bwabiteye igihe bwatera Ukraine.

Prezida Joe Biden yitezwe gushikiriza ijambo inama ya bose ya ONU kuri uyu wa gatatu. Umushikiranganji wiwe w’imigenderanire, Anthony Blinken yavuze ko prezida atangaza iyindi mfashanyo nshasha ya Amerika kuri ico kibazo.

Nawe prezida w’Ubufaransa, Emmnuel Macron yavuze kuri uyu wa kabiri ko igihugu ciwe kizofasha mu gutanga ubwato buzotwara ingano za Ukraine muri Somaliya ibangamiwe n’inzara.

Uburusiya buvuga ko iri kena ry’ibifungurwa ryatewe n’ibihano bwafatiwe n’ibihugu vyo mu burengero. Amerika yo ivuga ko ivyo bihano bitafatiwe igisata c’uburimyi hamwe n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG