Uko wahagera

Abimukira Barenga 360 Baratabawe mw'Ibahari Bagerageza Kuja mu Bwongereza


Abimukira bava mu karare ka Afrika kari munsi ya Sahara mu bwato berekeza mu Butaliyano
Abimukira bava mu karare ka Afrika kari munsi ya Sahara mu bwato berekeza mu Butaliyano

Abategetsi b’Ubufaransa bavuze ko abimukira barenga 360 batabawe kuri uyu w’Imana, igihe bariko baragerageza kujabuka baciye mu mazi bari mu bwato, hagati y’uburaruko bw’Ubufaransa n’ubumanuko bw’Ubwongereza.

Abategetsi b’Ubufaransa bavuze ko muri rusangi batabaye abimukira 367 baca bajanwa mu bivuko vy’Ubufaransa vy’i Calais, Boulogne na Dunkirk.

Abimukira bagerageza kujabuka mu Bwongereza baciye mu Bufaransa mu mato mato mato bariko bariyongera.

Inzira yo mu mazi yabaye umuhora ucamwo abimukira benshi kw’isi, aho ubwato burenga 400 bujabuka ku musi naho ikirere kiba kimeze nabi mu mazi.

Ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu mu Bwongereza buvuga ko kuva umwaka utangura, abantu 33.500 bamaze kujabuka baja mu Bwongereza baciye mu mato mato mato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG