Uko wahagera

Abimukira 372 Bagerageza Kuja i Buraya Batabawe


Bamwe mu bimukira bagerageza kuja i Buraya
Bamwe mu bimukira bagerageza kuja i Buraya

Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare ryo muri Espanye, "Open Arms" ryaragarukiye ku musi w'Imana abantu 372 bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane mu bwato bagana umugabane w'Ubulaya.

Umuvugizi w’iryo shirahamwe rijejwe gutabara, “Open Arms Uno”, Laura Lanuza, yatangaje ko (Ubwato) bukiriko burondera ikivuko abo bantu batabawe bokwururukirizwamwo. Muri bo harimwo abakenewe kuvurwa n’abandi bakeneye amazi yo kunywa mu buryo bwihutirwa. Amenyesha ko basavye incuro zibiri kubururukiriza mu kivuko co mw’izinga rya Malte.

Ishirahamwe, “Open Arms Uno” rimaze gutabara abantu bariko bageregeza kuja mu karere k’Ubulaya incuro zitatu mu kiringo c’amasaha 24. Mu gikorwa gikomeye co gutabara iryo shirahamwe ryakoze, ryatabaye abantu 294, benshi muri bo baturuka mu gihugu ca Misiri bari buzuranye mu bwato bwari mu mazi y’ibahari Mediterane mu bumanuko bw’izinga rya Malte mu gikorwa cabaye imbere y’ubucagucagu bwo ku musi w’Imana urangiye.

Abatabawe batangaje ko bari bamaze imisi ine mu mazi y’ibahari Mediterane.
Imbere y’aho, ishirahamwe “Open Arms Uno” ryatabaye abimukira 59 baturuka mu bihugu vya Misiri, Sudani na Eritreya. Muri bo harimwo abana bakiri bato 10.

Mu gitondo co ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, ishirahamwe, “Open Arms Uno” ryaratabaye abantu 79 mu bwato bwari mu mazi y’ibahari Mediterane hafi y’igihugu ca Libiya. Barimwo abantu 16 baturuka muri Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG