Uko wahagera

Abimukira 6 Bapfiriye mw'Ibahari ku Ruhande rw'Ubugiriki


Abimukira batandatu barimwo abana babiri barapfiriye mw’ibahari, inyuma y’aho Ubugiriki bubasubije inyuma bubasunikira mu mazi ya Turukiya, mw’ibahari Aegean. Abasirikare ba Turukiya bakizura mu mazi bavuze kuri uyu wa kabiri ko abandi bimukira 73 batabawe mu mazi, ku nkengera y’intara ya Mugla iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Turukiya.

Ubwenegihugu bw’abo bimukira ntibwashotse bumenyekana. Ariko bakekwa kuba bandurutse bava i Tripoli ku musi wa gatandatu bari mu bwato bw’imbaho, bagana mu Butaliyano.

Abasirikare ba Turukiya bavuga ko abo bimukira basavye gufashwa n’abasirikare b’Ubugiriki inyuma y’aho ibitoro bibaheranye mu mamoteri y’amato yabo ku musi wa mbere.

Turukiya ikunze kwagiriza abategetsi b’Ubugiriki ko basubiza inyuma abimukira mu buryo butemewe n’amategeko, bakabasunikira muri Turukiya. Ariko Ubugiriki bwama bwabihakanye.

Ubugiriki, ku ruhande rwabwo buvuga ko Turukiya yama yihumye amaso ku bantu bagerageza kujabuka ku mugabane wa Buraya baciye ku rubibe rwayo. Turukiya yagirizwa kandi kutubahiriza amasezerano yasinye mu 2016 n’ubumwe bwa Buraya. Ni amasezerano Turukiya yemeye kugumana abimukira kugira ntibashike mu Buraya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG