Abategetsi mu Butaliyano bariko barakora uko bishoboka kugira bafashe abimukira bashitse n’amato mu mpera z’indwi ku nkengera z’amazi mu bumanuko bw’igihugu.
Ibimenyeshamakuru mu Butaliyano vyavuze ko amato hafi 50 arimwo abantu bashika 1000 yashitse hagati yo mw’ijoro ryo ku musi wa gatanu no kuwa gatandatu mw’izinga rya Lampedusa.
Itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Ubutaliyano, ANSA, ryavuze ko abimukira 92 muri abo bamuka muri Afuganistani.
Ishirahamwe ry’abagiraneza, Medecins Sans Frontieres, ryavuze ko bumwe mu bwato bwaryo, Geo Barents, bwatabaye abimukira 25, barimwo abana batanu mu mazi mpuzamakungu hafi ya Libiya mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu.
Ibimenyshamakuru mu Butaliyano vyavuze kandi ko abasirikare ba Tuniziya bacungera inkengera z’ibahari bashoboye kuburizamwo amato arenga 20 y’abimukira bariko bagerageza kwinjira mu Butaliyano. Bivuga kandi ko batabaye ayandi mato yagira azame mu mazi ku misi ya gatanu n’uwa gatandatu.
Facebook Forum