Uko wahagera

Ubugiriki Buriko Burondera Aboba Bahitanywe n'Insanganya y'Ubwato


Abantu batari bake irengero ryabo ntirizwi inyuma y'uko ubwato bwari butwaye abimukira buzamye mu mazi y'ibahari Mediterane hafi y'Ubugiriki. Abantu 29 barashoboye gutabarwa.

Ubwo bwato bwazamye mu masaha y’ubucagucagu hafi y’amazinga ya Karpathos na Rhodes inyuma y’uko buvuye mu gisagara ca Antalya kiri mu bumanuko bw’igihugu ca Turkiya ku musi wa kabiri. Bwariko bugana mu gihugu c’Ubutaliyano.

Abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b’igihugu c’Ubugiriki batangaje abantu 29 ku bantu 80 bari muri ubwo bwato, mu gihe irengero ry’abagera kuri 50 ritazwi.
Igikorwa c’ugutabara cari kigizwe n’ubwato 4 bw’Ubugiriki hamwe n’ubwato 2 bw’abajejwe kugenzura amazi y’imbibe z’ico gihugu hamwe n’indege ya kajugujugu yaco.

Yamara imiyaga ikomeye y’umuvuduko w’ibilometero 50 kw’isaha yageramiye ico gikorwa. Naho ubwato abimukira barimwo bisa n’uko bwariko bugerageza kuja mu Butaliyano, Ubugiriki nico gihugu abimukira bahunga akarere ka Afrika n’ak’ubureruko bwo hagati bw’isi bakunda gucamwo mu gihe baba bariko bagerageza kuja kurondera ubuzima bwiza kurushiriza mu karere k’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baza mu Bugiriki bavuye muri Turkiya baciye mu muhora w’amazi atandukanya ivyo bihugu bibiri bidacana uwaka. Abantu batari musi ya 6 barapfuye mu mazi ari mu buseruko bw’ibahari Mediterane kuva mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira.

Abantu 8 barapfiriye mu mazi yegereye amazinga ya Mykonos yegukira Ubugiriki, kw’italiki 19 y’ukwezi kwa gatandatu, mu gihe abandi 108 batabawe nk’uko bitangazwa n’iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG