Uko wahagera

Abimukira Batanu Barapfiriye mu Mazi ya Libiya


Abimukira batanu barapfuye abandi 16 baburirwa irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibira mw’ibahari ku nkengera z’amazi, mu buseruko bwa Libiya. Abategetsi muri Libiya bavuze kuri uyu wa kabiri ko abo bimukira bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa Buraya.

Umutegetsi w’abaje gutabara yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko ubwo bwato bwarimwo abantu 27, bose b’abanyamisiri. Yavuze kandi ko bwibiye bugeze i Tolmeta mu buseruko, ariko ntiyatomoye igihe vyabereye.

Akajagari k’intambara kadutse inyuma y’iyicwa rya Moamer Kadhafi mu 2011 katumye Libiya iba igituro c’abimukira bava mu karere ka Afrika kari munsi y’ubugararwa bwa Sahara. Benshi bava mu bihugu vy’abarabu na Aziya y’ubumanuko, ahanini bashaka gushika mu Butaliyano ku mugabane wa Buraya.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryavuze muri uku kwezi ko abimukira 32.450 bafashwe n’abajejwe umutekano ba Libiya mu mwaka uheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, ryavuze ko abantu bashika 216 bapfuye bariko bagerageza kujabuka ku mugabane wa Buraya. OIM ivuga ko abandi 724 baburiwe irengero canke boba nabo barapfuye.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG