Uko wahagera

Burundi:Inama Nshingamateka Yemeje Abagize CVR Abo kwa Rwasa Batarimwo


Agaton Rwasa kumwe n'abashingamateka bagenzi biwe igihe bakinjura
Agaton Rwasa kumwe n'abashingamateka bagenzi biwe igihe bakinjura

Muri aka kajoro k'uno wa gatanu, inama nshingamateka y'Uburundi yemeje gushasha abagize umurwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi. Ugizwe n'Abahutu 7, Abatutsi 5 n'Umutwa umwe. Ku bakomiseri 13, umwe ni umupadiri, babiri ni abapasitori hakaba n’uhagarariye abayisilamu. Uwo murwi wagumanye kandi umukuru wawo Pierre Claver Ndayicariye yahoze atwara umurwi w’igihugu utunganya amatora.

Batowe umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi wiyonjoroye. Umukuru wawo Agathon Rwasa avuga ko abatowe batemejwe n'inama nshingamateka ahubwo amazina yazanywe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

I ruhande y’uko umugambwe wiwe mu murwi wo kwiga amazina y’abakomiseri bashasha "warenganijwe", avuga ko nayo mazina yazanywe ku gahato n’umugambwe CNDD-FDD kandi ibwirizwa nshingiro ku bijanye n’umurwi CVR ritegekanya ko ari inama nshingamateka irobanura abawugize ikongera ikabemeza.

Abatowe bemejwe n’inama nshingamateka hari abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n'abo mu mugambwe Uprona. Kiretse umukomiseri umwe aturuka mu bwoko bw’abatwa yasubiriye uwaroye mu nama nshingamateka ya EAC, abandi bakomiseri bose ni abahoramwo.

Umurwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi uri mu yitegekanywa n’amasezerano ya Arusha y’amahoro no guhagarika intambara yo mu mwaka wa 2000. Kuva ushingwa waragirijwe kenshi ko uhengamira ku ruhande rw’Abahutu ukirengagiza amakuba n’amahano yashikiye abo mu bwoko bw’Abatutsi.

Ababivuga bishimikiza cane cane ivyo uwo murwi umaze imisi ukora aho kuva muri 2019 watanguye kuzura ibisigarira vy’abishwe muri 1972 mu rwimo rwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi yamara ukirengagiza kuja mu bibanza bawurangiyemwo ahatawe Abatutsi mu binogo rusangi. Mbere hamwe hamwe wagirizwa ko n’ibinogo vy’Abatutsi uvyitiranya n’ivy’Abahutu nk’uko Emmanuel Nkurunziza, umunyamanga wa AC-Genocide Canada yabibwiye Ijwi ry’Amerika.

Mu mpera z’umwaka uheze, inama nshingamateka y'Uburundi yemeje ko ubwicanyi bwakorewe Abahutu muri 1972 ari ihonyabwoko. Ico gihe yari imaze guhabwa raporo n’umurwi CVR yerekana uko bwakozwe n’uko bwateguwe. Inyuma y’amezi atanu mu kiganiro ciwe ca mbere, prezida Evariste Ndayishimiye yabisubije I buti asigura impamvu Reta idashobora kuvyemeza avuga icatumye ibangira.


N’inyuma y’ugutangaza ko ubwicanyi bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi 72 ari ihonyabwoko, umurwi CVR nta bundi bwicanyi uribandako mu matohoza kuko n’ubu uracacukura gusa ibinogo rusangi vyafubwemwo Abahutu ico gihe ukanabaza abafise ico babuziko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG