Uko wahagera

CVR: Hari Abanyamahanga Bagize Uruhara mu Bwicanyi bwo mu 1972 mu Burundi


Pierre Claver Ndayicarite atwara CVR
Pierre Claver Ndayicarite atwara CVR

Umugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi CVR, watangaje ko mu matohoza yawo wamenye ko hari abanyamahanga bagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 n'imbere yaho, ndetse ko hari n’abandi bahasize ubuzima.

Uwo mugwi wemeje ko ugiye guha reta y’Uburundi amazina yabo kugira inzira z’imigenderanire zikoreshwe maze ibihugu vy’abo bibimenyeshwe, aboba bakiriyo bakurikiranwe n’Ubutungane. CVR ivuga ko Abanyamahanga bagize uruhara mu bwicanyi bwo mu mwaka w’1972 babwirizwa kuronderwa, abakiriho bagakubitwa intahe mu gahanga.

Pierre Claver Ndayicariye atwara uwo mugwi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu I Bujumbura, yatangaje ko uwo mugwi wakoze amatohoza ukaronka n’ibimenyetso ntabanduka vyagiriza bamwe mu banyamahanga baturuka mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Umugwi CVR ntiwatomoye neza amazinza n’ibihugu abo banyamahanga bakomokamwo. Gusa Ndayicariye arongoye CVR yemeje ko bazobishira mu cegeranyo c’uwo mugwi kigahabwa reta y’Uburundi.

Muri ico kiganiro, umugwi CVR washaka kwerekana ingene mu myaka y’1972 n’imbere y’aho gato, ubutungane bwagiriye ikigongwe abatutsi benshi, yamara bugacira urubanza rwo kwicwa abahutu batari bake. CVR ubona ko ari akarenganyo kari kafatiye ku bwoko.

Uwo mugwi uvuga ko ico ari ikimenyetso cerekana ko ubwicanyi uwo mugwi wita ko ari “Ihonyabwoko ryakorewe abahutu muri 1972” bwari bwarateguwe.
Raporo yashikirijwe n’uwo mugwi mu nama nshingamateka, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamara yaranse kwemeza ico caha, yamenyesheje ko hakiri kare.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika

CVR Ivuga ko mu Banyamahanga Yagiriza Hari Abava mu Bihugu Bibanyi n'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG