Uko wahagera

Etiyopiya n'Abarobeli Bemeye Ubutumire bwa AU mu Biganiro vy'Amahoro


Abasirikare ba reta ya Etiyopiya kw'ikamyo kw'ibarabara hafi ya Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 8/08/2021
Abasirikare ba reta ya Etiyopiya kw'ikamyo kw'ibarabara hafi ya Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 8/08/2021

Reta ya Etiyopiya hamwe n’abaroberi bo mu ntara ya Tigre bavuze kuri uyu wa gatatu ko bompi biteguye kuja mu biganiro vy’amahoro. Hari inyuma y’ubutumire bahawe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bwo kuja kuganirira muri Afrika y’Epfo.

Umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya muvy’umutekano yavuze ko reta yemeye ubwo butumire. Umukuru w’abarobeli bo mu ntara ya Tigre nawe yemeye ko biteguye kurungika intumwa.

Izo mpande zose zibiri zatumiwe muri ivyo biganiro muri Afrika y’epfo mu mpera z’indwi iheze na komiseri w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat. Ni ibiganiro bitumbereye kugerageza kurangiza intambara igira ikwize imyaka ibiri hagati y’abenegihugu.

Amakuru ava mu badiplomate yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ibi biganiro bihagarariwe n’ubumwe bwa Afrika bizofashwamwo n’abahuza babiri, Olusegun Obasanjo yahoze ari prezida wa Nijeriya hamwe na Uhuru Kenyatta yahoze ari prezida wa Kenya.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Amerika, ku musi wa mbere bwatangaje ko intumwa idasanzwe ya Amerika, Mike Hammer azogira ingendo muri Kenya, Afrika y’Epfo na Etiyopiya muri uku kwezi.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG