Muri Etiyopiya, abarwanya ubutegetsi mu ntara ya Tigreya batangaje ko bagiye kuva mu bice vy’akarere ka Amhara, bagwaniramwo kuva mu kwezi kw’umunani uyu mwaka.
Ivyo vyashikirijwe mu rwandiko rwashizwe ahabona n’umuhari, TPLF. Urwo rwandiko ruguva ko ingingo yo kuva muri ivyo bice ari uburyo bariko barakoresha kugira abagwanyi babo bitegure neza kwivuna umwansi.
Mu ndwi iheze abagwanyi bo mu ntara ya Tigreya bagirije abasirikare ba Eritreya igitero cagabwe mu karere gahana umupaka na Tigreya.
Reta ya Etiyopiya ntaco iravuga kuri ivyo vyagiriji. Nta n’ico yavuze kuri urwo rwandiko rushasha rwasohowe n’abagwanyi bo mu ntara ya Tigreya.
Facebook Forum