Uko wahagera

Etiyopiya: Reta na TPLF Bariteguye Kuganira


Inteko za reta ya Etiyopiya i Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre
Inteko za reta ya Etiyopiya i Agula, mu buraruko bwa Mekelle, mu ntara ya Tigre

Muri Etiyopiya, abarobeli bo mu ntara ya Tigre bavuze kuri uyu w’Imana ko biteguriye guhagarika intambara hamwe n’umugambi w’amahoro urongowe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Iri tangazo rikuyeho intambamyi yabuze ko haba ibiganiro hagati y’abo baroberi na reta, yo kurangiza intambara igira imare imyaka ibiri. Rishizwe ahabona mu gihe amakungu yari mu makenga y’imirwano imaze ukwezi yongeye kwaduka.

Ntaco reta nkuru ya Etiyopiya yashotse ivuga kuri iri tangazo ry’abarobeli bo muri Tigre. Reta yari yavuze ko nayo yiteguriye ibiganiro atakibanje gusabwa.

Umuhari TPLF w’abarobeli muri Tigre gushika ubu wari waranse uruhara rwa Olusegun Obasanjo, intumwa y’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ihembe rya Afrika. Umuhari TPLF wamwagiriza kuba yegereye umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed.

Iri tangazo ryo kuri uyu w’Imana rivuga kandi ko intumwa za TPLF zigizwe n’umuvugizi wawo, Getachew Reda hamwe na Jenerali Tsadkan Gebretensae, ziteguye kurungikwa muri ivyo biganiro bigatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG