Uko wahagera

Ligue Iteka: Abantu 1470 Barishwe mu Burundi mu Kiringo c'Imyaka 2


Bamwe mu bakozi b'iperereza kumwe n'umupolisi ku nzu y'uwukekwa gutunga ibirwanisho mu buraruko bwa Bujumbura.
Bamwe mu bakozi b'iperereza kumwe n'umupolisi ku nzu y'uwukekwa gutunga ibirwanisho mu buraruko bwa Bujumbura.

Ishirahamwe Ligue Iteka ry'Abarundi rivuga ko abantu 1470 bishwe mu Burundi hagati y'ukwezi kwa gatandatu 2020 n'ukwa munani uyu mwaka. Abagera kuri 146 ryemeza ko bagandaguwe n'abakorera inzego za reta.

Iryo shirahamwe rikorera mu buhungiro ryemeza ko ibi bitigiri bishobora kuba ari bike kubera abarikorera binyegeza ntibahabwe uburenganzira bwo gushikira ahari amakuru hose. Mu cegeranyo ryasohoye rinamenyesha ko abagore n'abigeme 255 bafashwe ku nguvu muri ico kiringo nyene. Ariko amashirahamwe yo hagati mu gihugu afata ibishikirizwa na Ligue Iteka nk'icegeranyo gishingiye ku nyungu za poritike.

Icegeranyo ca Ligue Iteka cakozwe ku kiringo kiri hagati y’itariki 30 z’ukwezi kwa gatandatu muri 2020 n’iya 31 ukw’umunani uyu mwaka. Ni ikiringo gihurirana n’imyaka ibiri n’ukwezi kumwe giheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari ku butegetsi.

Ishirahamwe Ligue Iteka ryemanga ko ata kintu na kimwe cahindutse mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri iyo myaka ibiri iheze ugereranije n’imyaka itanu iheze y’ikiringo ca nyuma ca Nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza cavuzwemwo cane ihonyangwa ry’agateka ka kiremwa muntu.

Ijwi ry’Amerika rimaze kubona ico cegeranyo cakuye Anschaire Nikoyagize umukuru wa Ligue Iteka maze aridondagurira uko ibitigiri vy’abo ishirahamwe ryiwe rivuga ko bagandaguwe biri mu mice itandukanye. Umviriza insiguro ziwe muri iyo nkuru yateguwe n'Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Abahunze n'Abari ku Rubuga Ntibavuga Rumwe ku "Mabi Akorerwa mu Burundi"
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00

Umukuru w’ishirahamwe, Folucon F, rimwe mu yakorera mu ntara zose z’Uburundi 18 kandi riri mu gisata co guharanira agateka ka zina muntu avuga ko ibitigiri vya Ligue Iteka atari vyo. Gerard Hakizimana atwara Folucon F yabibwiye Ijwi ry'Amerika.

Nikoyagize arongoye Ligue Iteka we arafise n’ibindi bimenyetso ku bwiwe bitabesha: kubona ibiziga bitorwa muri rusangi bica bifubwa ubwo nyene ata matohoza abanje gukorwa.

Umukuru wa Folucon F yibaza ko abaha amakuru Ligue Iteka bashobora kuba bayibesha bitewe n’impamvu nyinshi zirimwo ukubikora nkana. Anscahire Nikoyagize wa Ligue Iteka we avuga ko ahubwo ibitigiri basohora ari bike kubera ata mwidegemvyo bafise mu gihugu.

Ijwi ry'Amerika ryabajije Nikoyagize niba Ligue Iteka ihora yereka Reta ivyegeranyo asohora, yishura ko iri mu bambere babihabwa ariko ata kajambo ayumvako.

Mu kwezi kwa gatandatu, ubumwe bwa Bulaya bwavuze ko hataragera ko buha imfashanyo Reta y’Uburundi naho bwayikuyeko ibihano kubera hakiri ivyo ibwirizwa gukora birimwo inagurwa ry’igisata c’agateka ka zina muntu. Claude Bochu, aserukira uwo muryango mu Burundi yabivuze ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Albert Shingiro ico gihe yemeje ko Uburundi naho bwateye intambwe hakiri urugendo runini rwo gukora mu bijanye no kwubahiriza agateka ka kiremwa muntu kubera kikiri igihugu gito mu vya demokarasi.

Shingiro Asanga Hari Intambwe Uburundi Bukwiye Gutera mu vy'Agateka ka Muntu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:16 0:00

Kuva habaye indyane zaturutse ku kindi kiringo ca nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015, amaradiyo atari make agaturirwa, abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu bo mu mashirahamwe amwe amwe bagahunga igihugu, ivyegeranyo bisohorwa mu gisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi ntibihurizwako n’amashirahamwe akorera mu buhungiro n’ayasigaye mu gihugu.

Aba mbere bagiriza aba kabiri gukorera mu kwaha kw’ubutegetsi no kutigenga mu gihe abo kabiri nabo bavuga ko aba mbere ari ibikoresho vy’abansi b’igihugu kandi barajwe ishinga no kurenza urugero mu vyo bashikiriza kugira bikunde bagume baronswa imfashanyo.

Inkuru yateguwe na Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG