Uko wahagera

Uburundi Bwiyamirije Raporo ya Amerika Buvuga ko Yuzuyemwo Ibinyoma


Daniel Gelase Ndabirabe, Umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi
Daniel Gelase Ndabirabe, Umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi

Inama nshingamateka y’Uburundi ntirya umunwa mu kwagiriza igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika ko casohoye raporo y’ibinyoma, ihengamye kandi igamije gutuma amakungu adasubira kwizera ico gihugu.

Iyo raporo Uburundi butera ivyatsi, ni raporo y’impapuro 43 iheruka gusohorwa n’ibiro bishinzwe demokarasi, uburenganzira bwa muntu n’akazi, mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’amakungu.

Ivuga ko abantu barenga 200 bishwe, abarenga 30 baranyuruzwa, abarenga 100 baraborezwa igufa barahohoterwa mu Burundi mu mwaka uheze w’2020 bazize ivyiyumviro vy’abo, cane cane ko batavuga rumwe na Reta.

Kuri uyu wa kabiri, Daniel Gelase Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamiriye kure ibiri muri iyo raporo.

Iyo raporo itunga urutoke ku nzego z’umutekano n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi ko zahonyanze uburenganzira bwa muntu, ababangamiwe cane bakaba ari abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka zina muntu.

N’aho biri uko, umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH (Commission Nationale Indépendante de Droits de l’Homme) wemeza ko ata muntu n’umwe mu gihugu akizira ivyiyumviro vyiwe.

Sixte Vigny Nimuraba, yabitangarije imbere y’inama nshingamateka. Umugwi arongoye wariko ushikiriza ivyo waranguye mu mwaka uheze.

Yamara, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yoyo abona ko ivyo Inama nshingamateka n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu biyamiriza ari ukuri ku rubuga.

Anschaire Nikoyagize atwara Ligue Iteka ryanavuzwe na Amerika ko riri ku rubuga. Atanga akarorero ko no muri aya mezi atatu ya mbere y’uyu mwaka w’2021, abantu barenga 80 bamenyekanye ko bishwe bazira ivyiyumviro vyabo.

Umugwi w’igihugu CNIDH wagiriza aya mashirahamwe ko ari amacandya gusa.

Kuva mu mwaka w’2018, umugwi w’igihugu CNIDH waratswe amanota uva mu rwego A rw’imirwi ifatwa na ONU ko yigenga ikora idatamitswe ijambo, uja mu rwego B rw’imigwi iri mu kwaha kw’amareta.

Ubu, uwo mugwi warandikiye igisata ca ONU kiraba agateka ka zina muntu kugira urabe ko wosubirana icicaro cawo ca A.

Yamara, ihuriro ry’amashirahamwe mpuzamakungu rikingira agateka ka zina muntu, FIDH (Fédération Internationale pour les Droits de l’Homme) ribona ko hataragera ko CNIDH usubira guhabwa ikibanza n’amanota meza, kuko ku bwa FIDH, n’ubu agateka ka zina muntu karacahungabana, uwo mugwi ukaguma winumiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG