Uko wahagera

UE Yongereje Ikiringo c'Ibihano kuri Bamwe mu Bategetsi b'Uburundi


Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi, Gervais Ndirakobuca, umwe mu bongererejwe ikiringo c'ibihano n'Ubumwe bwa Buraya
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi, Gervais Ndirakobuca, umwe mu bongererejwe ikiringo c'ibihano n'Ubumwe bwa Buraya

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya ryongereje ikiringo c'ibihano ryafatiye bamwe mu bategetsi b'Uburundi bagirizwa kuba baragize uruhara mu mabi yabaye muri 2015 ahitana ubuzima bw'abantu cane cane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.

Ikiringo c’ivyo bihano congerejwe kuwa 18 ukwezi kwa cumi guheze nk’uko itangazo rigufi ku bijanye na vyo riri ku rubuga rw’inama y’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya mu rurimi rw’icongereza rivyerekana. Itangazo ibihugu 27 bigize ishirahamwe rya Bulaya ryasohoye rivuga ko biri mu ngiro kugeza kuwa 31 ukwezi kwa cumi 2022.

Ibi bihano vyongerejwe ikiringo vyari vyafashwe mu kwezi kwa cumi 2015. Vyerekeye Godefroid Bizimana, umuhanuzi ajejwe ingendo z’akazi mu biro kwa perezida Ndayishimiye ico gihe yari icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi c’ Uburundi. Yagirizwa ko yafashe ingingo zatumye hakoreshwa inguvu zidasanzwe mu guhagarika imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikindi kiringo ca nyakwigendera Nkurunziza iyo myiyerekano leta ikaba yayitiranije n’imigumuko.

Uwa kabiri yafatiwe ibihano n’ishirahamwe rya Bulaya ni Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati n’umutekano. Muri 2015, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’igipolisi mu biro kwa Perezida Nkurunziza. Yagirizwa kuba ku magenekerezo ya 26 ,27 na 28 ukwezi kwa kane uyo mwaka, yarahohoteye abantu na cane cane mu ma karitiye ya Musaga na Nyakabiga ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Uwugira gatatu ni umukozi w’ibiro vy’iperereza ry’Uburundi yitwa Mathias Joseph Niyonzima azwi kw’izina rya Kazungu. Uwo na we yagirizwa kuba ari umwe mu bantu bahaye imyimenyerezo ya gisirikare urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, imbonerakure, haba ku butaka bw’Uburundi no hanze y’igihugu. Abo nabo ishirahamwe rya Bulaya rikemeza ko bagize uruhara rukomeye mu kwankiriza abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Uwa nyuma kuri urwo rutonde rw’ubumwe bwa Bulaya ni General Léonard Ngendakumana yahoze ajejwe ibijanye n’ingendo z’akazi mu biro kwa Perezida Nkurunziza akaba yari anajejwe amabanga akomeye mw’iperereza arimwo ukuba umuhanuzi mwishikira. Yagirizwa ko yashatse gutembagaza inzego za leta abicishije mu guhirika ubutegetsi ku wa 13 ukwezi kwa gatanu muri 2015 aho kurondera umuti uciye mu nzira ya politike. Ibindi yagirizwa birimwo ibitero vy’ama grenade vyakozwe mu Burundi n’uguhamagarira abantu gukoresha inguvu. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryagiriza kandi Général Léonard Ngendakumana ko yashigikiye igikenye nk’inzira y’ugushikira inyungu za politike.

Ibihano vyerekeye aba bagabo bane biri muri ibi bikurikira :

Nta ngendo bazosubira kugira mu bihugu bigize uwo muryango kandi n’ubutunzi bwabo bafiseyo barabufatiwe. Mu ntango zo mu mwaka uheze, itangazo ry’ibihugu vy’ubumwe bwa Bulaya ryavuze ko ivyaha bagirizwa bigizwe n’uguhohotera kiremwa muntu, gukoresha inguvu, n’uguhamagarira abantu gukoresha igikenye, ivyaha bikabije bihonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Ibi bihano naho bigumijweho, Amerika yakuye ku Burundi n’abategetsi babwo ibihano yari yabafatiye mu kwa cumi na rimwe 2015. Hari mu ngingo ya Perezida Joe Biden yo kuwa kane uheze. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Ijwi ry'Amerika ryamubajije ico yibaza kuri ibi bihano vyongerejwe ikiringo, muri make yishura ko ataco yoshikiriza kubera iyi ngingo Reta itarayibona.

Haraheze amezi menshi ubuserukizi bw’ubumwe bwa Bulaya mu Burundi n’abategetsi bariko baraganira ku kuntu ibihano vyafatiwe Reta mu ntango za 2016 aho uwo muryango wahagarika imfashanyo ucisha muri Reta vyovanwaho. Amasoko y’Ijwi ry’Amerika yasubiye kutwemerera ko naho ibi bihano ku giti c’abantu vyagumijweho ata nkeka ivya Reta bizofutwa mu ntango z’umwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG