Uko wahagera

Somaliya Yishe Umwe mu Bategetsi ba Al-Shabab


Bamwe mu barwanyi ba Al-Shabab
Bamwe mu barwanyi ba Al-Shabab

Abategetsi muri Somaliya batangaje ko abasirikare b’ico gihugu, n’inteko mpuzamakungu bishe Abdullahi Nadir.

Abdullahi Nadir, yari umwe mu barwanyi bari bakomeye ba Al-shabab. Yari kandi somba mbike wa Ahmed Abdi Godane yigeze gutwara umurwi w’aba Al-shabab, na Ahmed Diriye aramutswa uwo murwi muri iki gihe.

Itangazo Reta ya Somaliya yasohoye uno munsi ku wa mbere rivuga ko Abdullahi Nadir yishwe ku wa gatandatu w’indwi iheze. Yiciwe mu ntara yitwa Jubba iri hagati muri Somaliya. Iryo tangazo ntirisobanura uko yishwe.

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Somaliya bari baremeye imiriyoni zitatu z’amadorali y’Amerika k'uwokwerekana aho Abdullahi Nadir ari.

Urwandiko rwasohowe na reta ya Somaliya rugira ruti: " Urupfu rwiwe ni nk’icumu rivuye ku gihugu, kandi abanyagihugu bagiye kuruhuka ibinyoma n’ubugizi bwa nabi bwiwe bitagira izina”. Bavuga kandi ko yari mu kibanza co gusubirira umukuru w’uwo muhari ahari muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG