Uko wahagera

Somaliya: Abanyagihugu Barishe aba Al Shabab 45


Abanyagihugu biyemeje kurwanya al shabab bafatanije n'igisirikare bariko barahabwa impanuro n'abasirikare ba Somaliya
Abanyagihugu biyemeje kurwanya al shabab bafatanije n'igisirikare bariko barahabwa impanuro n'abasirikare ba Somaliya

Abarwanyi bashigikiwe na reta ya Somaliya bishe aba al-Shabab bashika kuri 45 bongera baca imitwe bamwe muri bo. Abantu batatu babibonye babivuze kuri uyu w’Imana, mu gihe abanyagihugu bo mu ntara zo hagati bahagurukiye rimwe bafata ibirwanisho kugira barwanye iterabwoba.

Abo ba Al Shabab baciwe imitwe ku musi wa gatandatu, inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye mu ntara ya Hiran iri muri reta ya Hirshabelle. Aha hamaze uku kwezi habera imirwano hagati ya al-Shabab n’imirwi y’abitwaje ibirwanisho ikorana na reta nkuru ya Somaliya.

Al-Shabab, umuhari ushamikiye kuri al-Qaida, uriko urwana na reta kuva mu 2006. Abanyagihugu bavuga ko Al-Shabab wongereje ibikorwa vyo guturira amazu y’abanyagihugu, gusambura amariba y’amazi, wongera wica abasivile ubaciye imitwe mu ntara ya Hiran.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Ahmed Moalim Fiqi, ntiyashimye kugira ico ashikirije kuri ayo makuru. Eka n’umuvugizi wa al-Shabab ntiyabonetse kugira agire ico abivuzeko.

Mu ntango z’uku kwezi, abarwanyi ba al-Shabab bishe abasivile 18, bongera baturira amakamyo atwara imfashanyo. Mu kwezi kwa munani, bishe abantu barenga 20 mu gitero bakoze kw’ihoteri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG