Uko wahagera

Somaliya: Umushikiranganji wa Mbere Yemeza ko Azokurikirana Abakoze Igitero kw'Ihoteri


Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya yemereye abanyagihugu biwe ko aba al-Shabab bakoze igitero kw’ihoteri ihurumbirwa cane i Mogadishu bazovyishura. Ico gitero cahitanye abantu 21, hamwe n’117 bakomeretse.

Inyuma yo kugendera ibitaro vyakiriye abakomeretse, umushikiranganji wa mbere, Hamza Abdi Barre yavuze ko abo bose bananiwe gukora ivyo bajejwe, canke uwo wese atatabaye uko bikwiye, azobibazwa. Ariko nta n’umwe, baba abantu ku gatwe kabo, canke reta yadomyeko urutoke.

Mukhtar Robow, yahoze ari icegera c’umukuru wa al-Shabab, ubu akaba ari umushikirangaji ajejwe ivy’amadini, yaneguye ico gitero, co kimwe n’abandi bakuru b’amadini.

Abasirikare ba reta basubije ibintu mu buryo haheze amasaha 30 barwana na al-Shabab kuri iyo hoteri.

Al-Shabab yama yakoze ibitero ku mahoteri, ku bushikiranganji bwa reta hamwe n’ibindi bibanza, kuva mu 2010. Abihweza ibintu n’ibindi bakeka ko uyo muhari wakoze ico gitero inyuma y’amajambo yamaze imisi ashikirizwa na Prezida mushasha aheruka gutorwa muri Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud. Yavuze ko yaje azanye umukenyuro mushasha wo kugabanya inguvu za al-Shabab imbere yo kwugurura umuryango w’ibiganiro.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG