Uko wahagera

Somaliya Irigamba ko Yisubije Uturere 20 Twari Twarafashwe na Al-Shabab


Abasirikare ba Amisom muri Somaliya mu mihana y'i Halgan, mu ntara ya Hiran.
Abasirikare ba Amisom muri Somaliya mu mihana y'i Halgan, mu ntara ya Hiran.

Igisirikare ca Somaliya kivuga ko ibitero cakoze mu ntara ya Hiran kimaze kwigarurira uturere 20 twari twarafashwe n’umuhari w’iterabwoba al-Shabab.

Intwazangabo mu gisirikare ca reta, Kapitene Mohamed Ibrahim Daud, yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa mbere ko abasirikare bafatanije n’abanyagihugu bitwaje ibirwanisho kandi bamaze kwica aba al-Shabab barenga 100. Yemeza kandi ko bamaze kwigarurira uturere 20 twari mu minwe y’uwo muhari.

Kapitene Daud yavuze ko abasirikare ba reta bafashe abandi barwanyi 20 ari bazima. Yemeje ko igisirikare caronse ubufasha bwo mu kirere muri ivyo bikorwa, ariko yirinze kuvuga igihugu cafashije muri ivyo bitero.

Mw’itangazo ryasohotse ku musi w’Imana, ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwavuze ko ibi bikorwa vya gisirikare ari ivya mbere bikozwe mu gushira mu ngiro imbono ya reta yo kurwanya iterabwoba. Ni mu ntumbero kandi yo gukura mu gihugu ubutakigaruka al-Shabab.

Al-Shabab ntaco yavuze kuvyavuzwe na reta ya Somaliya, ariko yaheruka kwigamba ko yakoze ibitero vy’amabombe muri iyo ntara ya Hiran ku basirikare ba Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG