Uko wahagera

Ijwi ry'Amerika Riragaya Ingingo y'Uburundi yo Kuguma Bayugaye


Ahari icicaro c'Ijwi ry'Amerika i Washington, DC
Ahari icicaro c'Ijwi ry'Amerika i Washington, DC

Radiyo y'Abanyamerika, Ijwi ry'Amerika, iratera ivyatsi ingingo y'urwego rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, yo kuguma yugaye FM zayo mu Burundi.

Ibi, Ijwi ry’Amerika ribivuze inyuma yuko kuri uyu wa gatanu, umuyobozi w’urwego, CNC, rucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, Vestine Nahimana, avuze ko kwugururwa kw'iyo Radiyo bikiri kure nk’ukwezi.

Mu kiganiro abavugizi b’inzego nkuru z’igihugu bakoze cerekana aho reta y’Uburundi ihagaze ku bibazo bikomeye kandi nkoramutima ku gihugu, Vestine Nahimana yagize ati: “ Uburundi ntibwiteze kugurura Ijwi ry’Amerika. Ni ko, prezida w’Uburundi aripfuza ko Ijwi ry’Amerika risubira kwumvikana mu Burundi, ariko ku rundi ruhande tubona Ijwi ry’Amerika ata shaka ribifisemwo.

Vestine Nahimana avuga kandi ko reta y'Uburundi yasavye akatari gake ko umwe mu banyeshamakuru yagirizwa kugira uruhara mu guhakwa guhirika ubutegetsi mu Burundi bamurungika mu Burundi guhangana n’ubutungane, ariko ntibabikoze. Avuga kandi ko Igihe batazoba barirukana uwo mumenyeshamakuru, Ijwi ry’Amerika ritazopfa risubiye kwemererwa gukorera mu Burundi. Ngo ni ingingo ntabanduka.”

Itangazo ubuyobozi bw'Ijwi ry'Amerika bwasohoye ku muhingamo w'uno wa gatanu, inyuma y’ivyavuzwe na CNC ribandanya rigira riti:" Ivyagiriji CNC yegeka kw'Ijwi ry'Amerika, ni ivyagiriji vya politike, bitega Ijwi ry'Amerika. Ribandanya riti: "Ingingo ya Reta y'Uburundi yo kubandanya yugaye Ijwi ry'Amerika no kubuza abakozi bayo bari mu Burundi gukorana nayo, isubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi.”

Iryo tangazo ribandanya rigira rita: "Ijwi ry'Amerika rirangwa no kutagira aho rihengamiye mu kumenyesha amakuru, kandi rishigikiye itangazamakuru ataho ryegamiye."

Ijwi ry'Amerika risozera rihamagarira Reta y'Uburundi kwugurura Ijwi ry'Amerika. Rigira riti: "Duhamagariye Reta y'Uburundi gusubira kureka Ijwi ry'Amerika igakorera mu Burundi, gurtyo abanyagihugu b'ico gihugu bakaronka amakuru ashikirizwa ata gutinya igitsure no kwirimbura bikumira ubunyamwuga."

Ijwi ry'Amerika rivuga kandi ko amakuru rishikiriza aba arimwo impande zose, aba yatohojwe neza, kandi ari yo abanyagihugu babereye kuronka."

FM z’iradiyo y’Abanyamerika, Ijwi ry’Amerika, zugawe mu Burundi kuva mu mwaka w'2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG