Reta ya Burkina Faso yavuze kuri uyu wa kabiri ko abasirikare cumi n’umwe bishwe abandi basivile hafi 50 baraburirwa irengero inyuma y’igikekwa kuba igitero c’abajihadiste mu buraruko bw’igihugu.
Umuvugizi wa reta, Lionel Bilgo, yavuze ko imodokari z’igisirikare zari zishiriye bagenzi babo ibikoresho zaguye mu gitero ku musi wa mbere zigeze mu gisagara ca Djibo. Yavuze ko hakironderwa abo baburiwe irengero. Amakuru ava mu bajejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko ibitigiri vy’abapfuye bishobora kuba bishika kuri 60.
Ibitero muri Burkina Faso vyiyongera mu gihe Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba, yafashe ubutegetsi mu kwezi kwa mbere biciye muri kudeta yari yaremereye abanyagihugu ko agiye gusangangura abajihadiste.
Ibice birenga 40 kw’ijana vy’igihugu ntibigenzurwa na reta.
Abantu ibihumbi baramaze kwicwa abandi hafi imiriyoni zibiri barata ingo zabo kubera intambara kuva mu 2015 igihe abakora iterabwoba bashika muri Burkina Faso.
Facebook Forum