Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare Babiri Barishwe mu Gitero ku Bakora Iterabwoba


Abasirikare ba Burkina Faso

Muri Burkina Faso, abasirikare babiri hamwe n’abakora iterabwoba barenga 10 bishwe kuri uyu wa mbere, mu bitero vyakozwe ku kambi y’abasirikare mu buraruko bw’ico gihugu.

Igisirikare cavuze ko ikirindiro caco kiri mu gisagara ca Deou mu karere ka Sahel catewe kuri uyu w’Imana, igihe abajihadiste bariko bagerageza kubinjiramwo ngo babihishemwo.

Iri tangazo ry’igisirikare ryavuze ko inyuma y’ico gitero, abasirikare babiri bahasize ubuzima, abandi barenga cumi barakomereka. Ku ruhande rw’umwansi abarwanyi baharurwa mu macumi bishwe, inkoho hamwe n’amapikipiki birafatwa.

Ibi bitero bikurikiye ibindi biheruka mu ntango z’uku kwezi. Muri ibi bitero hapfuye abasivile 35 n’abandi 37 bakomeretse igihe igisasu catezwe mw’ibarabara caturitsa imodokari barimwo hagati y’ibisagara vya Djibo na Bourzanga mu buraruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG