Uko wahagera

Burkina Faso: Abarobeli 28 Barishwe n'Inteko Zijejwe Umutekano


Muri Burkina Faso, igisirikare ca reta cavuze kuri uyu wa mbere ko umusirikare umwe hamwe n’abakora iterabwoba bashika kuri 28 biciwe mu bitero vyabereye mu buraruko n’ubuseruko bw’igihugu.

Intambara imaze imyaka indwi muri ico gihugu co mu karere ka Sahel imaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 2.000, ituma kandi abashika umuriyoni 1.9 bata ingo zabo.

Igisirikare gitangaza ko ku musi w’Imana, cagavye ibitero ku barobeli bari mu bisagara vya Sebba, mu buraruko, no mw’ikambi y’abarobeli y’i Soam, mu buseruko bw’igihugu. Ibi bitero uko ari bibiri vyahitanye umusirikare umwe hamwe n’abarobeli 28.

Inkoho, imodokari hamwe n’ibikoresho vyo gutumatumanako amakuru vyarafashwe nkuko igisirikare kibivuga.

Mu gihe ibice 40 kw’ijana vy’igihugu bigenzurwa n’abarobeli, abasirikare bafashe ubutegetsi mu kwezi kwa mbere muri Burkina Faso, batangaje ko kugarura ubutaka bwose bw’igihugu mu minwe ya reta ari co cashizwe imbere ya vyose.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG