Uko wahagera

Burkina Faso: Bombe Yahitanye Abasirikare 35


Bamwe mu basirikare ba Burkina Faso
Bamwe mu basirikare ba Burkina Faso

Muri Burkina Faso umuntu yikekwa kuba ari mu bakora ibitero vy’iterabwoba yaturikije ikibombe cahitanye abantu 35. Ico kibombe cahitanye abasirikare bari muri imwe mu modoka za gisirikare zikwirikirana zari zigeze hagati y’ibisagara vya Bourzanga na Djibo aho zari zitwaye ibikoresho vya gisirikare.

Mw’itangazo Buramatari w’akarere ka Sahel, Lt. Col. Rodolphe Sorgho, yashikirije, yavuze ko umwe muri izo modoka za gisirikare yari irimwo abasivile. Avuga ko abakomeretse banyarukanywe kwa muganga, abandi nabo bagatabarwa. Yavuze ko muri iki gihe, ako karere ubu gacungerewe.

Naho ata murwi uriyitira ico gitero ca bombe, birakekwa ko ari abagwanyi b’intagondwa zo mw’idini rya kiyisilamu, bakoze ico gitero. Igihugu ca Burkina Faso kirageramiwe n’ubwicanyi bukorwa n’umugwi wa al-Qaida n’uwuharanira reta ya kiyislamu. Ubwo bwicanyi bumaze guhitana abantu baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi.

Ico kibombe catewe kibaye ikigira gatanu muri iyo ntara ya Soum, kuva mu kwezi guheze kwa munani. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, ritangaza ko ibiro bijejwe umutekano w’abagiraneza bimenyesha ko ibitero nk’ivyo bikorwa cane cane mu ntara ya Djibo yafashwe n’abarwanyi ba Jihad haciye amezi atari make.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG