Uko wahagera

Burkina Faso: Abasirikare 15 Baguye mu Gitero c'Intangondwa


Bamwe mu basirikare ba Burkina Fso
Bamwe mu basirikare ba Burkina Fso

Igisirikare ca Burkina Faso gitangaza ko abasirikare baco 15 bishwe mu gitero cakozwe n’umurwi w’abarwanyi b'intagondwa za Kiyisilamu. Mu bitero abo barwanyi bamaze imisi bakora, ejo ku musi wa kabiri niho bakira ikindi cari kigizwe n’amabombe abiri yahitanye abo basirikare.

Mw’itangazo ry’igisirikare ca Burkina Faso, izo bombe zibiri zatewe ku nzira iva ahitwa Bourzanga ija i Djibo mu ntara yo mu buraruko. Ivyo vyabaye mu gihe abasirikare bari mu rugendo rujanye n’ibikorwa vya gisirikare.

Bombe ya mbere yaturikijwe n’umuduga wayiciyeko aho bari bayiteze hafi y'akarere ka Namsiguia mu ntara ya Bam. Abasirikare baciye bakikuza ako karere batangura kwitaho abakomeretse, baca baterwamwo bombe igira kabiri. Bombe ya kabiri yakomerekeje abandi batari bake.

Ubugizi bwa nabi muri Burkina Faso bwagirizwa imirwi y'intagondwa za Kiyisilamu bakorana n’umurwi al-Qaida hamwe nabo mu muhari w’abaharanira reta ya Kiyisilamu. Ubwicanyi bugirwa n'iyo mirwi bumaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi butesha ingo abantu bangana n’umuriyoni umwe n’ibice icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG