Uko wahagera

Abasirikare 7 Barishwe n'Intagondwa mu Buraruko bwa Burkina Faso


Muri Burkina Faso, abasirikare indwi barasize ubuzima mu gitero c’abajihadiste mu buraruko bw’igihugu. Amakuru ava mu gisirikare avuga ko abo basirikare bishwe ku musi wa kabiri bari mu modokari batezwe umutego mw’ibarabara. Aya amakuru avuga kandi ko abandi cumi bakomeretse.

Ico gitero kibaye ikigira kane gikozwe mu misi iri munsi ya 10 mu buraruko bwa Burkina Faso.

Ku musi wa mbere, abasirikare babiri barishwe hamwe n’abakora iterabwoba barenga cumi mu gitero cakozwe kw’ikambi y’abasirikare.

Mu ntango z’uku kwezi, abasivile 35 barishwe, abandi 37 barakomereka igihe igisasu cari catezwe mw’ibarabara gihitaniye imodokari barimwo, bageze hagati y’ibisagara vya Djibo na Bourzanga.

Ku musi wakurikiye, abantu bashika icenda, bagizwe n’abasivile indwi hamwe n’abasirikare babiri, barishwe mu bitero bibiri bitandukanye vyakozwe n’abajihadiste.

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Burkina Faso, mu kwezi kwa mbere, biyemeje kugira iya mbere ukurwanya abajihadiste.

Umukuru wabo, Lieutenant-Colonel Paul-Henri Sandaogo Damiba ku musi wa mbere yarakuye umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi aca yifatira mu minwe ubwo bushikiranganji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG