Uko wahagera

Amerika Iragabisha mu Gihe Uburusiya Bwotera Igisasu ca Nikereyeri


Umuhanuzi wa Perezida Biden ku mutekano wo mu gihugu hagati, Jake Sullivan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House, kw'itariki ya 11/02/2022,
Umuhanuzi wa Perezida Biden ku mutekano wo mu gihugu hagati, Jake Sullivan mu kiganiro n'abamenyeshamakuru muri White House, kw'itariki ya 11/02/2022,

Reta zunze ubumwe za Amerika yagabishije Uburusiya ko mu gihe bwokoresha ikirwanisho ca nikereyeri muri Ukraine hoba inkurikizi ruhasha. Umuhanuzi wa Prezida Joe Biden mu bijanye n’umutekano, Jake Sullivan, yavuze kuri uyu w’Imana ko abategetsi b’Uburusiya bamaze kubibwirwa mu mwiherero ko Prezida Biden yiteguye kuzokwishura Uburusiya.

Ibi Amerika ibivuze inyuma y’aho Prezida Vladimir Putin avugiye ko ashobora gutera akoresheje igisasu ca nikereyeri. Yateye akamo kandi abasirikare barenga 300.000 bo kwikorako mu gihe rukamvye gufasha muri Ukraine.

Uburusiya kandi buriko buratunganya referandumu mu ntara zine za Ukraine igenzura. Iyo referandumu izoba isaba abanyagihugu kwemeza canke guhakana ko bigenga bakaja ku ruhande rw’Uburusiya.

Ariko Ukraine, Amerika hamwe n’ibindi bihugu bicuditse bavuga ko iyo referandumu ari akamaramaza. Bavuga ko kwiyomekako ubutaka bwa Ukraine bitazokwemezwa n’amakungu.

Prezida wa Ukraine yavuze ko iyo referandumu ari ikimenyetso kibi ko Prezida Poutine ata mugambi afise yo kurangiza intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG