Uko wahagera

Uburusiya: Abantu Barenga 1300 Bahagaritswe mu Myiyerekano Yiyamiriza Gutwara Kurwana


Riot police detain a demonstrator during a protest against mobilization, in Moscow, Russia, Sept. 21, 2022.
Riot police detain a demonstrator during a protest against mobilization, in Moscow, Russia, Sept. 21, 2022.

Mu Burusiya, abantu barenga 1300 bahagaritswe mu myiyerekano yabaye mu gihugu yiyamiriza ivyatangajwe na Prezida Vladimir Poutine ko agiye gusaba abasivile kuja gufasha kurwana muri Ukraine.

Iyo ,myiyerekano yabaye mu bisagara 38 bitandukanye mu gihugu inyuma y’iryo tangazo rya Prezida Poutine ku gihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru Interfax ryo mu Burusiya ryavuze ko umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati w’Uburusiya yavuze ko abo bantu bahagaritswe kuko iyo myiyerekano itari yemewe n’amategeko.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Sergei Shoigu yavuze kuri uyu wa gatatu ko Uburusiya bugiye kurungika abantu 300.000 ku rubuga rw’intambara. Hari inyuma y’aho Prezida Poutine ashikirije ijambo agabisha ko Uburusiya bugiye gukoresha uburyo bwose bwa gisirikare muri Ukraine.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yagabishije ko ashobora kuzokoresha ibirwanisho vy’ubumara bwa Nikereyeri mu ntambara arimwo muri Ukraine. Ibi yabishikirije igihe yariko avuga ko agiye kwongereza abasirikare ku rubuga rw’intambara.

Iri tangazo ryiwe ryatumye abakuru b’ibihugu kw’isi baca bahaguruka baravyamirira kure.

Mu bategetsi bo kw’isi biyamirije ivyashikirijwe n’uwo mutegetsi w’Uburusiya, Prezida wa Amerika Joe Biden yabivuzeko mw’ijambo ryiwe mu nama ya bose ya 77 ya ONU kuri uyu wa gatatu.

“Ubugira kandi yongeye kubivuga uyu musi, Prezida Putine yavuze kumugaragaro ko ashobora gutera Uburaya akoresheje ikigwanisho ca Nikereyeri. Ibi ni ugufata minenerwe amasezerano agenga ikoreshwa ry’ivyo birwanisho.

Prezida Biden yongeyeko ko nimba Uburusiya bwobandanya ingendo yo guhonyora ku gakanu ibindi bihugu ata ngaruka imigarutseko, vyosobanura ko ivyo ONU yubakiyeko vyoba biri mu kaga.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yavuze ko atakirahinduka ku ruhande rw’Uburusiya kw’ikoreshwa ry’ikirwanisho ca Nikereyeri. Ahanura ko ikirwanisho nk’ico atawogikinisha.

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko isi itazokwemera ko Uburusiya bukoresha ibirwanisho vyabwo vya Nikereyeri. Yagiriza Prezida Poutine gushaka gusiga Ukraine ari umurindi w’amaraso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG