Uko wahagera

Raporo ya ONU Yemeza ko Habaye Ivyaha vyo mu Ntambara muri Etiyopiya


Abahinga ba ONU muvy’amatohoza bavuze kuri uyu wa mbere ko reta ya Etiyopiya iri inyuma y’ivyaha ku kiremwa muntu vyakorewe mu ntara ya Tigre. ONU iragabisha ko kubona hongeye kuvyuka intambara muri ako karere bishobora kuvamwo ibindi vyaha vy’agahomerabunwa.

Muri raporo yayo ya mbere, abahinga ba komisiyo ya ONU ku gateka ka muntu kuri Etiyopiya bavuze ko batoye ivyemeza vy’ubwicanyi bukabije bwakozwe n’impande zose ziri mu ntambara. ONU ivuga ko ivyo vyaha vyakozwe kuva iyo ntambara itangura mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020.

Abahinga ba ONU bavuga ko batororokanije ivyaha bikabije vyakozwe, biva ku bwicanyi ndengerabutungane, kwicisha abantu inzara, gufata abakenyezi ku nguvu, n’ibindi vyaha bishingiye ku gitsina.

Abategetsi b’intara ya Tigre barashima iyo raporo. Umuvugizi wayo yavuze ko bamye bavuga ko reta ya Etiyopiya yakoze ivyaha ku kiremwa muntu muri iyo ntara. Ariko iyo raporo yo kuri uyu wa mbere yerekana ko yatoye ibimenyetso vyerekana ko abasirikare ba Tigre nabo bakoze ivyaha vyo mu ntambara. Ibi birimwo ivyaha vyakorewe mu ntara ya Amhara, hamwe n’ivyo gusambanya abakenyezi ku nguvu.

Iyo raporo ihamagarira ibiro vya ONU ku gateka ka muntu gukurikiranira hafi ibibera muri Etiyopiya. Isaba kandi abategetsi ba reta za Etiyopiya, Eritreya n’abo muri Tigre gutohoza no kurengutsa abakoze ivyo vyaha imbere y’ubutungane.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG