Uko wahagera

Ingabo za Tigreya Zemeye Guhagarika Kurwana Kugira Zije mu Biganiro


Bamwe mu basirikare ba Tigray
Bamwe mu basirikare ba Tigray

Inteko zo mu ntara ya Tigreya ziriko zitana mu mitwe n'iza Reta ya Etiyopiya zatangaje ko ziteguriye kwubahiriza ivyereke guhagarika ingwano bidatevye zikaja mu biganiro vy'amahoro n'umuryango w'ubumwe bwa Afrika.

Abategetsi b’intara ya Tigreya basohoye iryo tangazo mw’ijoro ryo ku musi w’Imana. Barisohoye inyuma y’uko Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bisubiye kuremera impande zitana mu mitwe. Ni inyuma y’uko ingwano hagati y’izo mpande isubiye kwaduka mu kwezi guheze inyuma y’agahengwe kagereranye kari kamaze amezi atari make.

Abategetsi b’intara ya Tigreya bari banebaguye utwigoro tw’uguhuza tw’umuryango w’ubumwe bwa Afrika tuyobowe n’intumwa idasanzwe yawo, Olusegun Obasanjo. Reta ya Etiyopiya yari yatangaje ko yiteguriye ibiganiro ahariho hose n’umwanya uwo ari wo wose kandi ata bibanje gusabwa.

Yamara abategetsi ba Tigreya bari basavye ko Reta ya Etiyopiya isubira kuronsa ibintu ngenderwako abanyagihugu baba muri iyo ntara n’ugukura inteko zayo mu gihugu ca Eritreya.

Reta zunze ubumwe za Amerika zaragize uruhara rukomeye mu guhuza impande zitana mu mitwe. Amerika, ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya birakira neza ivyatangajwe n’abategetsi b’intara ya Tigreya.

Reta ya Amerika yasavye abategetsi ba Eritreya n’abandi itadomyeko urutoke guhagarika gutuma intambara hagati y’impande zitana mu mitwe ibandanya.
Ingwano yasubiye kwaduka hagati y’izo mpande yaratumye imfashanyo zijejwe gutabara abanyagihugu baba mu ntara ya Tigreya zidatangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG