Uko wahagera

Etiyopiya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abantu Barenga 60


Abateshejwe ingo zabo bavuye mu ntara za Oromia na Benshangul Gumuz, muri Etiyopiya
Abateshejwe ingo zabo bavuye mu ntara za Oromia na Benshangul Gumuz, muri Etiyopiya

Muri Etiyopiya, abantu bitwaje ibirwanisho barishe abantu barenga 60 mu ntara ya Oromiya, mu mpera z’ukwezi kwa munani.

Komisiyo ya Etiyopiya ijejwe agateka ka muntu yavuze kuri uyu wa kabiri ko itewe amakenga cane n’ibitero vyabereye muri ako karere ku matariki ya 30 na 31 y’ukwezi kw’umunani.

Iyo kimisiyo yavuze ko yahawe ayo makuru n’ubutegetsi bw’ibanze hamwe n’abategetsi ba reta. Yavuze ko abandi bantu barenga 70 bakomeretse, amazu hamwe n’ibitungwa birasahurwa. Ivyo bitero vyatumye kandi abantu barenga 20.000 bahunga ingo zabo.

Ubu bwicanyi bwabaye inyuma y’aho igisirikare c’iyo ntara ya Oromiya, umuhari w’abarobeli, biciye abantu batatu bo mu bwoko bw’aba Amhara mu gisagara ca Abora.

Abategetsi ba reta ya Etiyopiya bagiriza abarobeli b’aba Oromo ubwicanyi ku bwoko bw’aba Amhara, ariko abo barobeli barabihakana.

Mu kwezi kwa gatandatu n’ukwa ndwi, abantu bitwaje ibirwanisho baragandaguye abantu amajana, benshi bo mu bwoko bw’aba Amhara, mu burengero bw’intara ya Oromiya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG