Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Ata Bwicanyi Bwakoze mu Buseruko bwa Ukraine


Abategetsi b'Uburusiya bahakanye uno musi ku wa mbere ko inteko z'igihugu cabo zakoze ubwicanyi bukabije mu buseruko bwa Ukraine. Mu ndwi irangiye abategetsi ba Ukraine baratangaje ko batoye ibibanza vyafubwemwo ibiziga vy’abantu 450 mu mashamba ari hanze y’igisagara ca Izyum inyuma y’uko ico gisagara cari mu minwe y’inteko z’Uburusiya gisubiye kwigarurirwa n’inteko za Ukraine.

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko batoye ibibanza amajana n’amajana vyafubwemwo ibiziga vy’abantu batari bake. Abategetsi b’Uburusiya babwiye abategetsi ba Ukraine ko barementanije ivy’uko batoye ibibanza vyafubwemwo abantu benshi mu bice inteko z’igihugu cabo giherutse gusubira kwigurira.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa mbere ko ivyatangajwe n’abategetsi ba Ukraine ari ibinyoma. Yamenyesheje ko bazohagararira ukuri ku vyabaye.

Peskov yavuze ko irementanya nk’iryo ryabaye ku vyabereye mu gisagara ca Bucha, kiri hanze y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev aho ibiziga bitari bike vy’abantu bambaye impuzu z’igisivile vyatowe mu mabarabara inyuma y’uko inteko z’Uburusiya zihavuye.

Abategetsi b’Uburusiya barahakanye ivyagirizo vy’uko inteko z’igihugu cabo zakoze ubwicanyi ndengera butungane muri ico gisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG