Uko wahagera

Ukraine Iriko Irarondera Abishwe mu Ntambara


Ukraine kuri uyu w’Imana yari mu bikorwa vyo kuzura abapfiriye mu ntambara mu gisagara ca Izium no mu bindi bisagara vyo mu buraruko bushira ubuseruko vyahora mu minwe y’abasirikare b’Uburusiya.

Umukuru w’igisagara ca Izium, Valery Marchenko, yabwiye ibimenyeshamakuru ko ibisigarira vy’abo bantu bica bitwarwa mu gisagara ca Kharkiv.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ku musi wa gatandatu ko hatowe ivyemeza bishasha ko abasirikare bishwe muri Izium babanje kuborezwa igufa. Izium, ni kimwe mu bisagara birenga 20 Ukraine ivuga ko yigaruriye mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Kharkiv.

Abategetsi ba Ukraine bavuze mu ndwi iheze ko hatowe ibiziga vy’abantu 440 vy’abasivile bahambwe mu kinogo rusangi. Bavuga ko iki ari ikimenyamenya c’uko hakozwe ivyaha vyo mu ntambara.

Uburusiya bwama bwahakanye ko bwishe abasivile mu ntambara igiye gukwiza amezi indwi. Uburusiya kandi ntaco buravuga ko binogo rusangi vyahambwemwo abo bwagirizwa ko bwishe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG