Uko wahagera

Uburaya Busabira Prezida Poutine Kurengutswa muri CPI

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, iburyo, hamwe na prezida wa Komisiyo y'Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen mu rugendo muri Ukraine, Kiev, Kw'itariki ya 15/09/2022
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, iburyo, hamwe na prezida wa Komisiyo y'Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen mu rugendo muri Ukraine, Kiev, Kw'itariki ya 15/09/2022

Umukuru wa komisiyo y’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, yavuze kuri uyu wa kane ko ari ngombwa ko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin arengutswa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ku vyaha vyo muri Ukraine.

Mu kiganiro yahaye televiziyo Bild yo mu Budagi, yavuze ko Prezida Poutine agiye gutsindwa intambara kandi ko akwiye kuzobazwa ku bikorwa yakoze.

Ursula von der Leyen, yavuze kandi ko ata gukekeranya hakozwe ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Von der Leyen yavuze ko Ukraine izobandanya ishigikirwa n’Uburayi igihe cose intambara izomara. Hari mu rugendo rwiwe muri Ukraine kuri uyu wa kane nyene, mu biganiro yarimwo vyo kwinjiza Ukraine mu bumwe bwa Buraya.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG