Uko wahagera

Ukraine Yavumbuye Ikinogo Cahambwemwo Abarenga 440


Ahavumbuwe ikinogo rusangi muri Izium
Ahavumbuwe ikinogo rusangi muri Izium

Abategetsi muri Ukraine batangaza ko bavumbuye ikinogo rusangi cahambwemwo abarenga 440 mu gisagara ca Izium. Serhiy Bolvinov, atwara igipolisi kijejwe amatohoza mu karere kavumbuwemwo ico kinogo rusangi yabwiye itangazamakuru ko ico kinogo gishobora kuba ari co kinini mu binogo rusangi vyahambwemwo abantu muri Ukraine. Yagize ati: “ Bamwe bahitanywe n’ibisasu vyatewe n’amamodoka, abandi nabo bahitanwa n’ibitero vy’indege.” Ntiyigeze atomora niba abagihambwemwo bose ari abasivile, canke bavanze n'abasirikare.

Haheze iminsi mike ingabo za Ukraine zibohoje igisagara ca Izium cari carigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya. Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, rivuga ko Ukraine yaribwiye ko ingabo z’Uburusiya aho muri Izium, zahasize ibikoresho birimwo ibirwanisho bitari bike. Gusa, Reuters isigura ko aya makuru itashoboye kuyaronkera ivyemezo ntabanduka. Uburusiya nta n’ico burashima kuyavugako.

Prezida wa Ukraine yegetse ivyononekaye vyose mu gisagara ca Izium, n’abiciwe bose muri ico gisagara ku gatwe k’Uburusiya avuga ko bubwirizwa kubibazwa. Ibihugu vyo mu burengero bishigikiye Ukraine akenshi vyavuze ko muri Izium, Uburusiya bwahakoreye ivyaha bija mu rwego rw’ivyaha vy’intambara. Uburusiya bwo yamara burahakana ko butigeze bukora ivyo vyaha, buvuga ko atabitero bwagavye nkana ku basivile.

Hagati aho, prezida w’Amerika, Joe Biden, yatangaje ko Amerika igiye guha Ukraine inzindi miriyoni 600 z’amadorali, azokoreshwa mu vy’ibikoresho vya gisirikare. Ibiro vya prezida Biden bivuga ko iyi mfashanyo igize iya 21 Amerika ihaye Ukraine kuva itanguye urugamba n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG