Ukraine catangaje ko igisasu ca misile carashwe n'Uburusiya caguye hafi y'ikibanza gitanga umuyagankuba ufatiye ku buhinga bwa nikereyeli.
Isosiyete ijejwe igisata c’amasoko ntanganguvu akoresha ubuhinga bwa nikereyeli muri Ukraine, yatangaje uno musi ku wa mbere ko iyo misile yaguye ku metero 300 y’ico kibanza mu bumanuko bwa Ukraine. Ico gitero cononye inyubakwa zari hafi y'aho.
Prezida wa Ukraine, Volodymr Zelensky yatangaje ko Uburusiya buriko bugeramira amakungu yose. Yavuze ko ivyo bitegerezwa guhagarara amazi atararenga inkombe.
Ikibanza c’amasoko ntanganguvu afatiye ku buhinga bwa nikereyeli ca Pivdennoukrainsk kiza ubwa kabiri mu bunini mu gihugu ca Ukraine, inyuma y’ica Zaporizhzhia cugawe kuva mu ntango z’uku kwezi kw’icenda inyuma y’uko Uburusiya na Ukraine vyagiranije kuba vyateye amabombe kuri ico kibanza.
Prezida wa Ukraine, Volodymr Zelensky yaratangaje ku musi w’Imana ko inteko z’igihugu ciwe zizobandanya utwigoro two kubandanya kwigarurira ibice vy’igihugu biri mu minwe y’inteko z’Uburusiya.
Yabitangaje inyuma y’uko inteko za Ukraine zigaruriye ibice bitari bike mu ntara ya Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu, mu bitero zatanguye gukora muri ako karere muri uku kwezi.
Prezida wa Ukraine Avuga ko Uburusiya Bugeramiye Amakungu

Facebook Forum