Uko wahagera

DRC: Ibitero vy'Abitwaje Ibirwanisho Vyahitanye Abasivile Vyonona Urugomero


Ibitero vy'abikekwa ko barwanya ubutegetsi bwa Republika ya demokrasi ya Kongo vyahitanye abasivile vyongera vyonona urugemero rw'amazi ruriko rwubakwa muri parike ya Virunga mu buseruko bw'igihugu.

Abajejwe gukingira parike ya Virunga bamenyesha ko ico gitero cabaye ku musi wa kabiri, hakoreshejwe vya muzinga, caje gituruka mu birindiro biri mu minwe y’umurwi urwanya ubutegetsi, M23.

Umurwi M23 watanguye ibitero bitari bike mu buseruko bwa Kongo mu mezi makeyi arangiye. Iyo migwano n’ingabo za Reta yaguyemo abantu batari bake, batuma abandi ibihumbi n’ibihumbi bava mu zabo.

Ivyerekeye igitigiri c’abapfuye mu gitero co ku musi wa kabiri, ntibitomoye.
Urwo rugomero niwo mugambi w’amasoko ntanganguvu uzoba ukomeye cane mu buseruko bw’igihugu igihe uzotangura kuja mu bikorwa mu kiringo c’imyaka ibiri.
Ibitero vy’umurwi M23 vyatanguye kuva mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka. Abarwanyi b’uwo murwi bakaba baraguye ningoga ibice bagenzura.

Abahinga b’ishirahamwe ONU bavuga ko bafise ivyemezo bikomeye ko inteko z’u Rwanda ziriko zifatanya n’abarwanyi b’umurwi M23 mu bitero vyawo mu buseruko bwa Kongo. Yamara abategetsi b’u Rwanda barabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG