Uko wahagera

Blinken Aremeza ko u Rwanda Rwavogereye Umupaka wa Kongo


Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken hamwe na perezida Félix Tshisekedi
Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken hamwe na perezida Félix Tshisekedi

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri yavuze ko Amerika itewe amakenga n’amaraporo yemewe avuga ko u Rwanda rufashe mu mugongo abarobeli bakorera mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo.

Ukwivyukiranya kw’umuhari M23 mu buseruko bwa Kongo kwatumye icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibanyi cunyuka. Kongo yagiriza u Rwanda kuba rufasha abo barobeli. Ariko u Rwanda rwama rwabihakanye.

Blinken yabivugiye ku murwa mukuru Kinshasa, aho yashitse kuri uyu wa kabiri. Ni igihugu kigira kabiri ashitemwo, inyuma y’aho aviriye muri Afrika y’Epfo. Anthony Blinken yabonanye na Prezida Felix Tshisekedi.

Blinken ategekanya kugendera u Rwanda kuri uyu wa gatatu. Yavuze ko ibihugu vyose bikwiye kwubahiriza imipaka y’ibihugu bibanyi, kandi avuga ko atariko ararya umunwa azobivugana na Prezida w’u Rwanda, Paul Kagame.

Blinken yavuze ko urugendo rwiwe mu karere rutumbereye kwemeza ko Amerika ishigikiye ibiganiro biriko birafashwamwo na Angola na Kenya kugira intambara ihwamikwe kandi imipaka ya Kongo yubahirizwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG