Uko wahagera

Ubwato bwa ONU Bwikoreye Ingano Zivuye muri Ukraine Zerekeza muri Etiyopiya


Ubwato buri ku kivuko c'i Pivdennyi buriko bupakira ingano bujana muri Etiyopiy.
Ubwato buri ku kivuko c'i Pivdennyi buriko bupakira ingano bujana muri Etiyopiy.

Ubwato bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwuzuye amatoni 23,000 y’ingano zavuye muri Ukraine, kuri uyu w’Imana niho bwerekeza buja muri Etiyopiya. Ni ubwato bwa mbere buvuye muri ako karere ka Ukraine karimwo intambara butwaye ibifungurwa vyo gufasha ibihugu bihanzwe n’inzara.

Ubwo bwato bwandurutse buva ku kivuko ca Ukraine c’i Yuzhne, mu buseruko bw’igisagara Odesa, kandi butegekanya kugerera muri Djibouti, aho izo ngano zizopakururirwa zibone gutwarwa muri Etiyopiya zitwawe n’igisata ca ONU cita ku bifungurwa, PAM.

Ukraine n’Uburusiya barasinye amasezerano bashibikiwe na Turukiya hamwe na ONU mu ndwi zitatu ziheze. Ni amasezerano yari atumbereye gusubira kwugurura umuhora wo mu kiyaga cirabura w’amato atwara ingano mu bice bitandukanye vy’isi.

Etiyopiya ni kimwe mu bihugu bitanu ONU ibona ko bigeramiwe n’inzara.

Hambavu y’izo ngano ziriko zirava muri Ukraine, ugutana mu mitwe hagati y’inteko za Ukraine n’iz’Uburusiya mu micungararo y’uruganda rwa Nikleyeri rwitwa Zaporizhzhia kurabandanya. Ukraine yagirije Uburusiya ko bubandanya kugaba ibitero vya roketi kuri urwo ruganda, yongera igabisha ko ivyo bitero bishobora gutuma haba isanganya rikomeye ritewe n’ubumara bwa Nikleyeri.

Prezida wa Ukraine yabwiye Uburusiya ko abasirikare biwe biteze guhigura n’ab’Uburusiya, yemeza kandi ko bariko bagaba ibitero mu micungararo ry’uruganda rwa Zaporizhzhia. Ku rundi ruhande ariko, Uburusiya ahubwo bwagiriza Ukraine ko ari yo irasa iri mu micungararo y’urwo ruganda. Uburusiya bwigaruriye uruganda rwa Zaporizhzhia mu kwezi kwa gatatu, haheze imise mike cane butanguye gutera Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG